Uko wahagera

Ubutaliyano Bwafashe Ingingo yo Kubuza Ubwato Buzana Abimukira


Abimukira k'ubutaka bw'Uburayi
Abimukira k'ubutaka bw'Uburayi

Abategetsi b’Igihugu c’Ubutaliyano batangaje ko Reta yabo yashikirije Umurwi w’Ibihugu vya Buraya, I Buruseri, m’Ububirigi, ko itegekanya guhagarika uruja n’uruza mu mazi, k’ubwato butwara abimukira butaba bwanditswe mu gihugu c’Ubutariyano, buca mw’ibahari mediterane, buvuye mu gihugu ca Libiya.

Ivyo bibaye inyuma y’aho hinjiriye abimukira bashika ku bihumbi cumi na kimwe, baturutse k’umugabane wa Afrika, binjiye mu kiringo c’iminsi ine, bahunze intambara. Mw’ikete uwuserukira Ubutaliyano mw’Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Buraya, yashikirije uwo murwi, Maurizio Massari amenyesha ko ibintu bidashobora kubandanya uko vyifashe.

Paolo Gentiloni, umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano yagirije ibindi bihugu vya Buraya ko vyirengangiza ikibazo c’abimukira, kandi ko ataco bikora kugira bifashe Igihugu ciwe. Muri kino gihe, impande zitandukanye za politike m’Ubutaliyano zikaba zitera ziyamiriza umuzo w’abimukira, m’ugusaba ko abimukira bose bacumbikiwe I Roma, m’Ubutaliyano, bakurwaho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG