Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatangaje ko igiye gukomeza umutekano ku mashirahamwe yose y’indege akorera mu mahanga, aza k’ubutaka bwayo, yamara ko mur’uno mwanya ata nzitizi ziriho ku bijanye n’ama mashine ngendanwa ya ordinateri.
Ivyo vyatangajwe na John Kelly, Umushikiranganji w’umutekano wo hagati mu gihugu, kur’uyu wa gatatu, ah’avuga ko muri kino gihe abansi bakora ubudahumeka kugira batore uburyo bushasha bwo gukora ibisasu biturika, kwinjiza abarwanyi bashasha no gushira imitego mu ndege.
Ni mu gihe hari itegeko ryari ryasohotse m’ukwezi kwa gatatu, ribuza indege zituruka ku bibuga vy’indege bishika k’umunani vya Afrika no mu bihugu vy’abarabu, kwinjira muri Amerika zifise amamashine ya ordinateri.
Ingingo nshasha zijanye n’umutekano zikazofata ibibuga vy’indege bishika ku majana abiri na mirongo umunani, biri mu bihugu ijana na bitanu. Amashirahamwe y’izo ndege asabwa ko mu kiringo c’iminsi ijana na mirongo ibiri azoba yashizeho uburyo bwo gupima imashine ngendanwa zikoresha umuyagankuba.
Mu gihe Amerika yategekanya kwagura iyo ngingo no ku mashirahamwe y’indege za Buraya, amwe mur’ayo mashirahamwe yarahakanye gushira mu ngiro iyo ngingo.
Facebook Forum