Uko wahagera

Bulamatari w’intara irimwo umutekano muke ya Kivu yo mu buraruko, Julien Paluku yagabishije uno musi ku wa gatatu igisirikare ca Reta ku kwiyongera kw’ibitero vy’abarwanyi. Abona kw’ivyo ar’intango y’ingwano nshasha mu buseruko bw’igihugu.

Yagabishije cane cane ibiro bikuru vy’igisirikare c’igihugu kugira bishimikira kuva ubu ku buryo bw’uguhangana n’ibitero bishasha. Atangaza kw’iyindi ngwano nshasha iri mu nzira.

Paluku yavuze kw’ibitero biguma biba mu karere ka Beni birengeye ubushobozi bw’abikekwa kw’ar’aba Mai-Mai. Avuga ko hashobora kuba hari abantu bashobora kuba bariko bafasha abarwanyi bariko bagira ibitero bataramenyekana.

Ku musi wa mbere ibiri vya douane ahitwa Kasindi ku rubibe n’igihugu ca Uganda vyaratewe n’aba Mai-Mai batari bazwi gushika ico gihe.

Ku musi wa kabiri ikindi gitero carabaye ku kirindiro c’inteko za Reta mu karere ka Kalau. Uno musi ku wa gatatu, ikirindiro c’inteko za Reta ahitwa Nyamitale mu karere ka Rutshuru katawe n’abikekwa kw’ar’aba Mai-Mai.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG