Uko wahagera

Abasirikare ba Amerika 1,500 Bazorungikwa muri Afuganistani


Abasirikare ba Amerika muri Afuganistani

Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatangaje ko igiye kurungika abasirikare bayo bashika ku gihumbi n'amajana atanu muri Afuganistani. Yamara abategetsi ba Amerika bamenyesha ko abo basirikare batazoba bajanywe no kwongerereza igitigiri c’abasanzweyo, bari m’uturere tw’ingwano.

Kur’uyu wa kabiri niho abasirikare ba mbere batangura kurungikwa, bavuye mu Reta ya Caroline y’Uburaruko. Umwe mu bategetsi b’igisirikare ca Amerika yabwiye Ijwi rya Amerika ko abo basirikare bazorungikwa mu ntara za Kaboul, Kandahar na Helman, zigiye kwiyongera kuzo m’ubuseruko no m’uburaruko bw’ico gihugu, ahasanzwe hari abasirikare ba Amerika.

James Mattis, aramutswa ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika, yaratangaje, haraheze indwi zibiri, ko Amerika n’abo bikorana mw’ishirahamwe OTAN, batariko baratsinda intambara yo muri Afuganistani, yo gutuza imirwi y’abiyahuzi, kw’ari naco gituma hakenewe uburyo bushasha bwo kuyirwanya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG