Uko wahagera

Abantu umunani, harimwo abana bane n’abapolisi bane bishwe, abandi batari bake baraakomereka uno musi ku wa kabiri bahitanywe na bombe yari yatezwe kw’ibarabara mu buseruko bw’igihugu ca Kenya, hafi y’urubibe na Somaliya. Iyo bombe yaturitse aigihe imodoka bawimwo yariko irengana.

Umwe mu betegetsi b’igipolisi atashatse kw’izina ryiwe rimenyekana yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abafransa, AFP, kw’abantu umunani bahitanywe n’iyo bombe, abana bane n’abapolisi bane.

Amenyesha kw’iyo bombe yaturitse kw’ibarabara riri hagati y’akarere ka Mararani na Kiunga, mau gice ca Lamu, ku bilometero bikeyi umuntu avuye ku rubibe na Somaliya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG