Uko wahagera

Ibiro vy’ishirahamwe ONU bijejwe agateka ka muntu muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo, vyatangaje ko bibabajwe n’ingingo ya sentare ya gisirikare mu ntara ya Kasai y’ukudakwirikirana abasirikare b’abanyekongo indwi ku vyaha bityoza agateka ka muntu. Bagirizwa kuba bagandaguye abasivile mur’iyo ntara iri hagati mu gihugu.

Ibiro vya ONU bijejwe agateka ka amuntu muri Kongo bimenyesha ko gucira urubanza abagirizwa ivyaha bityoza agateka ka muntu ar’uburyo bw’ugutuma hataba irindi tyozwa ry’agateka ka muntu n’ikoreshwa ry’inguvu z’umurengera rigirwa n’abasiriakre ba reta.

Abo basirikare indwi urubanza rwabo rwatanguye kw’italiki zitanu z’ukwezi kwa gatandatu bakwirikiranwa ku vyaha vyo mu ngwano mu ntara ya Kasai.

Ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye, sentare ya gisirikare yo mu gisagara ca Mbuji-Mayi yarahevye ivyaha vyo mu ngwano bagirizwa.

Ibiro vy’ishirahamwe ONU bijejwe agateka ka amuntu muri republika iharanira demokrasi ya Kongo, bibona kw’abasirikare bayoboye abandi botegerezwa kw’abao batwara badakoresha inguvu z’umurengera.

.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG