Uko wahagera

Abakozi bajejwe gutabara mu gihugu c’Ubushinwa bategetswe kuva mu kibanza aho umusozi wasenyutse mu ntara ya Sichuan mu bumanuko bushira uburengero bw’igihugu.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Ubushinwa, Xinhua, ryatangaje kw’iyo ngingo yafashwe uno musi ku wa mbere mu gitondo kubera uwundi musozi washobora gusenyuka.

Abantu barenga 3000, barimwo abapolisi, abasirikare n’abasivile bagize uruhara mu bikorwa vy’ugutabara, bakoze bataruhuka mu kurondera aboba bashoboye kurokoka mu bisigarira vy’amazu yasenyutse.

Abategetsi batangaza kw’ibiziga vy’abantu cumi vyatowe gushika ubu, mu gihe irengero ry’abantu 93 ritazwi.

Gushika ejo ku musi w’Imana mw’ijoro, abantu batatu gusa nibo bashoboye gutabarwa inyuma yuko uruhome rw’amabuye rusambuye inzu mirongo ine.

Abategetsi bavuga kw’isenyuka ry’umusozi mu ntara ya Sichuan vyatumwe n’imvura y’isegenya. Isenyuka ry’imisozi n’ibintu bigeramira kenshi ibice vyo hagati mu gihugu c’Ubushinwa no mu bice bihanamye vyo mu gihugu, cane cane inyuma y’imvura nyinshi cane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG