Uko wahagera

Trump: Obama Yirengagije Ukwivanga kw'Abarusiya mu Matora


Perezida wa Amerika, Donald Trump, yatangaje, uno musi ku wa mbere, ko yibaza kw’uwo yasubiriye, Barack Obama atishuye ku kwivanga kw’Uburusiya mu matora yo mu mwaka uheze igihe yabimenya.

Ibiro bijejwe iperereza vya Amerika, CIA vyatangaje mu kwezi kw’umunani mu mwaka uheze, amezi atatu imbere y’amatora ko perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin yategetse wenyene ubwiwe kwiba amakuru y’ibanga. Ayo makuru avuga ko hakoreshejwe ubuhinga bwa none mu ntumbero y’ugutuma abanyamerika batakaza icizere mu matora y’umukuru w’igihugu, no mu mugambi w’ugufasha Trump gutsinda amatora, mu kwambika iceyi Hillary Clinton.

Ku bw’ivyatangajwe n’ikinyamakuru, The Washington Post mu ndwi iheze, Obama yamaze indwi zitari nke yiyumvira ku kugene yokwishura ku vyatohojwe n’ibiro CIA. Yamara nta ngingo yafashe gushika mu mpera z’ukwezi kw’icucmi na kabiri, indwi nkeyi inyuma yuko Trump atsinze amatora. Ico gihe Obama yirukanye abaserukira Uburusiya 35, yongera yugara ibibanza bibiri by'Abarusiya abategetsi ba Amerika babona ko bikoreshwa mu gutororokanya amakuru y’iperereza.

Mu butumwa yashize ku rubuga, Twitter, Trump yavuze kw’impamvu Perezida Obama ataco yakoze ku Burusiya inyuma yuko abwiwe n’ibiro CIA kw’ico gihugu civanze mu matora muri Amerika ar’uko yari yiteze ko Hillary Clinton yari gustsinda amatora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG