Uko wahagera

Trump Arabonana na Minisitiri w'Intebe w'Ubuhindi Modi


Umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubuhindi, Nerandra Modi yatangaje ko yishimiye imigenderanire itera imera neza kurushiriza hagati y’Ubuhindi na Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Ivyo ni mu gihe yitegurira kubonana na Perezida Donald Trump mu biro vyiwe, Maison Blanche, uno musi ku wa mbere.

Modi yarerekanye icizere kw’iterambere ry’ubutunzi bw’igihugu ciwe n’imigenderanire kurushiriza mu vyerekeye ubutunzi na Amerika.

Ku musi w’Imana, Modi yabonanye n’abayoboye amashirahamwe y’ubudandaji muri Amerika hamwe n’abahindi baba hanze y’igihugu mu rugendo rwiwe rwa mbere muri Amerika kuva Donald Trump abaye perezida.

Igihe yabobanana n’abaserukira amashirahamwe akomakomeye muri Amerika y’ubuhinga bwa none, Modi yaravuze nyungu z’ukugira imirimo y’ubudandaji mu Buhindi. Yatangaje ko vyoroshe kugira imirimwo y’ubudandaji mu gihugu ciwe kubera Reta itisuka mu biraba igisata c’abikorera sku giti cabo.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi, Narendra Modi aza kubonana na Perezida Donald Trump mu ngoro yiwe, Maison Blanche uno musi ku wa mbere, mu biganiro amaso mu yandi hagati y’abo bategetsi babiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG