Uko wahagera

Ikamyo Yahiye Ihitana Abashika 150 muri Pakistani


Umusirikare wa Pakistani ari aho ikamyo yar'itwaye igitoro yatembeye irasha

Abategetsi muri Pakistani batangaza ko ikamyo yuzuye igitoro yatemvye irasha iratokombera k’umusi w’Imana, nayo abantu 150 bariko bagerageza kuvoma igitoro barapfa abandi barenga ijana barakomereka bikomeye.

Iyo kamyo yar’ivuye mu gisagara ca Karachi kiri m’ubumanuko bw’igihugu igana mu gisagara ca Lahore, umurwa mukuru w’intara ya Punjab.

Icatumye itemba ntikiramenyekana, igiporisi co mur’ako karere kivuga ko umushoferi yarusimvye ubu ari imbere y’ubutungane.

Iryo sanganya ryabaye mw’ijoro buca abayisilamu bahimbaza umusi mukuru wa Eid al-Fitr urangiza amapfungo kubayisilamu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG