Uko wahagera

Deby Agabisha Gutahukana Abasirikare Bari Muri Afurika


Perezida wa Tchad, Idriss Déby Itno
Perezida wa Tchad, Idriss Déby Itno

Umukuru w’igihugu ca Tchad, Idriss Déby Itno, yatangaje ko igihugu ciwe kizotahukana abasirikare baco bari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro muri Afrika mu gihe atacokorwa co kugifasha kuko gisanzwe kiri mu bihe vy’ubutunzi bitoroshe.

Ivyo perezida Deby yabishikirije kur’uyu w’Imana mu kiganiro yahaye ibinyamakuru m’Ubufaransa.

Muri Mali, Tchad kiza ubugira gatatu mu bihugu bifiseyo abasirikare benshi mu nteko za ONU za Minusma, aho gifise abashika 1.390. Tchad kandi gifise abasirikare 2000 bari mu bikorwa vyo kurwanya umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram muri Nijeri, Nijeriya, Tchad na Kameruni.

Kubwa Deby, Umwaka uza wa 2018 niwo mwaka wo gufata ingingo mu gihe amakungu atogifasha.

Haheze imyaka itari mike Tchad kiri mu bibazo bikomeye vy’ubutunzi vyunyuwe n’ibiciro vy’igitoro vyakorotse ku masoko mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG