Uko wahagera

Abayisilamu Bararusimvye muri Nijeriya


Abajejwe umutekano mu musigiti ahigeze kubera igitero c'iterabwoba muri 2014
Abajejwe umutekano mu musigiti ahigeze kubera igitero c'iterabwoba muri 2014

Inzego zijejwe iperereza muri Nijeriya zaraburijemwo umugambi wari wateguwe wo kugaba ibitero vy’iterabwoba kubayisilamu bariko bahimbaza umusi mukuru urangiza ukwezi kw’amafungo.

Abagabo babiri bakekwa kuba bariko barategura igitero mu gisagara ca Kano kiri mu buraruko bw’ico gihugu barafashwe kur’uyu wa gatanu nkuko bimenyeshwa n’urwo rwego rw’iperereza.

Bimwe mu birwanisho bafatanwe harimwo inkoho umunani, amagerenade 27, n’amasasu ashika 800, inkono irimwo imyuka ya gaze, imiduga hamwe na terefone ngendanwa.

Umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram ntudomwako urutoke ko ariwo wari mur’uyo mugambi, ariko warigeze kugaba ibitero nk’ivyo ahari hakoraniye abanyagihugu batari bake muri kahise.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG