Uko wahagera

Visi-Perezida Asezeranya Amatora y'UMucyo muri Zimbabwe


Icegera ca perezida w’igihugu ca Zimbabwe, Emmerson Mnangangwa, yahumujrije abanyazimbabwe kw’amatora ya perezida n’abashingamateka yo muri 2018 azoba mu mwidegemvyo no mu mahoro. Abatavuga rumwe n'ubuyobozi bafise impungenge ko reta ishobora kwivanga mu matora.

Mnangagwa yabwiye abamenyeshamakuru kw’amatora yabaye mu mwaka w’i 2013 ataranzwe n’ubwicanyi canke uruhagarara.

Kenshi abatavuga rumwe na reta bagiriza umugambwe, ZANU-PF, uri ku butegetsi kuva mu mwaka w’i 1980, wiba amatora, ugatera ubwoba abatavuga rumwe nawo ukongera ugakokeza ubwicanyi n’uruhagarara.

Morgan Tsvangirai, ayoboye umugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta, Movement for Democratic Change, mu mpfunyapfunyo, MDC, atangaza kw’ata matora namwe ya vuba umugambwe ZANU-PF wa Perezida Robert Mugabe wigeze utsinda. Avuga kw’umugambwe ZANU-PF wivye ayo matora yose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG