Uko wahagera

Bombe Yahitanye 15 muri Pakisitani


Amabombe yaturitse akwirikirana uno musi ku wa gatanu mu buraruko bushira uburengero bwa Pakistani yahitanye abantu 15 akomeretsa abarenga 70.

Ayo mabombe yaturikiye mu kibanza kirimwo isoko yari yuzuye abantu mu gisagara ca Parachinar, kiri mu ntara isa n’iyigenga ya Kurram hafi y’urubibe n’igihugu ca Afuganistani.

Sajid Turi, ni umushingamateka wo muri ako karere. Yabwiye itangazamakuru ryaho ko bombe ya mbere yaturitse mu masaha y’uruja n’uruza, imbere yuko ikwirikirwa na bombe ya kabiri ikomeye cane.

Uwo mushingamateka avuga ko yiteze kw’igitigiri c’abapfuye ciyongera. Amakuru atangwa n’abakora mu bitaro amenyesha k’abantu barenga 30 bakomeretse bazanywe mu bitaro bameze nabi cane.

Nta wiyitiriye buno nyene ivyo bitero vyihaye inkumbi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG