Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May, yatangaje kw’umugambi yashikirije ku bijanye n’uburenganzira bw’abanyagihugu bo mu muryango w’Ubulaya baba mu gihugu ciwe utumbereye kandi ubereye.
Mw’ijambo yashikirije i Bruxelles uno musi ku wa gatanu mu nama y’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya, Theresa May yavuze ko Reta yiwe izoshiskiriza ibindi birengeye aho ku vyerekeye uwo mugambi.
Abayobozi b’Ubulaya ntibanyuzwe ku bijanye nuko umugambi wiwe utumbereye. Bamenyesha kw’ibibazo bitari bike bikihari.
Theresa May avuga ko bakora kugira imiryango ntitandukane. Yasavye guhumurizwa ku vyerekeye Abongereza baba mu bihugu vyo mu muryango w’i Bulaya kw’ibintu bizogenda nkuko.
Abayobozi b’Ubulaya batanguye inama y’imisi ibiri ku musi wa kane i Bruxelles ku murwa mukuru w’Ububiligi kugira bihweze ivyerekeye ingingo y’Ubwongereza y’ukuva muri uwo muryango. Mu bindi bihweza harimwo iterabwoba, ikibazo c’abimukira n’ibindi bibazo biraje ishinga akarere k’i Bulaya
Facebook Forum