Uko wahagera

Bombe Yahitanye Abantu Umunani i Mogadicio


Somalia
Somalia

Abantu umunani bishwe abandi bane barakomereka uno musi ku wa kane igihe imodoka yari yuzuye amabombe yaturikira ku sitasiyo y’igipolisi i Mogadicio, umurwa mukuru wa Somaliya.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika, Servisi y’Igisomali, Ahamed Hassan Olad yatangaje kw’ico gitero carondera sitasiyo y’igipolisi y’ahitwa Waberi kw’ibarabara ririmwo uruja n’uruza rukomeye rya Maka al-Mukaramah.

Olad yari hafi y’iyo stasiyo y’igipolisi igihe ico gitero caba avuga ko yabonye umuntu ariko agendesha imodoka ya Toyota n’umuvuduko munini cane agana iyo sitasiyo. Imirwi y’abajejwe gutabara vyihutirwa bari ahabereye ico gitero gufasha abantu bakomeretse.

Nta wiyitiriye buno nyene ico gitero. Yamara umurwi al-Shabab kenshi uragira ibitero ku nyubakwa za Reta n’ibibanza aho abategetsi bayo bazwi ko bakoranira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG