Uko wahagera

Bombe Yahitanye Abantu 29 muri Afuganisitani


Ahaturikiye bombe mu ntara ya Helmand muri Afuganisitani

Bombe ikomeye y’umwiyahuzi yari yatezwe mu modoka mu ntara ya Helmand mu bumanuko bw’igihugu ca Afuganistani yahitanye, uno musi ku wa kane, abantu 29. Abandi barenga 60 barakomereka.

Abavyiboneye bavuga kw’abasirikare n’abakozi ba reta bari bakoraniye hanze y’ibanki, New Kabul Bank, ku murwa maukuru w’intara ya Helmand, Lashkargah kwakira imishahara yabo igihe uwo mwiyahuzi yaturitsa bombe abegereye.

Umuvugizi wa Reta ya Helmand, Omar Zwak, yabwiye Ijwi rya Amerika ko bamwe mu bakomeretse bameze nabi cane. Yongeye avuga kw’abasirikare n’abasivile bakorera Reta bari mu bapfuye n’abakomeretse.

Ico gitero ca bombe kibaye imbere y’umusi mukuru wa Eid w’ukurangiza iramazani ku musi w’Imana.

Abatalibani biyitiriye ico gitero. Batangaje ko bishe abasirikare ba Reta ya Afuganisitani n’abajejwe iperereza barenga mirongo umunani

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG