Uko wahagera

Ubudagi Bugiye Gukura Abasirikare Babwo muri Turukiya


Abasirikare b'Ishirahamwe OTAN mu myimenyerezo yabo.
Abasirikare b'Ishirahamwe OTAN mu myimenyerezo yabo.

Igihugu c’Ubudagi catangaje ko kigiye gukura abasirikare baco bashika ku majana abiri na mirongo umunani muri Turukiya, hamwe n’indege zijejwe gucungera umutekano, n’izitwara imizigo. Iyo ngingo yafashwe n’inama nshingamateka y’Ubudagi, kur’uyu wa gatatu, aho yatangaje ko abo basirikare bazokwimurigwa mu gihugu ca Jordanie.

N’ingingo isohotse inyuma y’aho Igihugu ca Turukiya gihakaniye kureka abashingamateka b’abadagi gushika mur’ico kibanza, ivyagaragaye nk’ikibazo c’imigenderanire hagati y’ivyo bihugu, gitegerezwa kubanza gutorerwa umuti. Abo basirikare bari muri Turukiya kuva m’umwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na kane, igihe Turukiya yinjira m’umurwi w’ibihugu vyiyemeje kurwanya umuhari wa Reta ya Kisilamu.

Ico gikorwa kije ciyongera ku bindi vyagaragayemwo ukutumvikana kuri hagati y’ivyo bihugu ukw’ari bibiri. M’ukwezi kwa gatatu, Chanceliere w’Ubudagi, Angela Merkel yari yahakaniye abanyepolitike ba Turukiya gukora imyiyamamazo k’ubutaka bw’Ubudagi, ahasanzwe haba imvukira z’ico gihugu zishika hafi umuliyoni n’igice. Hari mu ntumbero yo kubasaba gutora itegeko ryo kwongerereza ububasha Prezida Reccep Tayyip Erdogan wa Turukiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG