Uko wahagera

Igikombe cy'Imirwi Yatsindiye Imigabane Kirabandanya mu Burusiya


Portugal ikina n'Uburusiya

Ku bakunzi b’umupira w’amaguru inkino z’igikombe c’imirwi nserukiragihugu yatsindiye imigabane yo kw’isi ivamwo zirabanya mu gihugu c’Uburusiya.

Mu nkino zabaye ku musi wa gatatu, urukino rwa mbere rwahuje mu murwi A, Portugal n'Uburusiya, Portugal yatahiye intsinzi y'igitsindo kimwe ku busa. Ico gitsindo cinjijwe n’umukinyi, Cristiano Ronaldo, ku munuta w’umunani.

Mu rundi rukino muri uwo murwi A nyene rwabaye mu nyuma yaho, Mexique yatsinze Nouvelle Zelande ibitsindo bibiri kuri kimwe. Mu nkino zizoba ejo ku musi wa kane, mu murwi B, Cameroun izokina na Australia mu gihe Ubudagi buzohura na Chili.

Tubibutse kw’izo nkino zama zakirwa n’igihugu kiba citeguriye kwakira igikombe c’isi yose c’umwaka uba ukwirikira.

Izo nkino rero ziriko zibera mu Burusiya kubera ico gihugu kizokwakira igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru co mu mwaka uza.

Igice ca nyuma c’igikombe c’imirwi nserukiraigihugu yatsindiye imigambwe yo kw’isi ivamwo kizoba kw’italiki zibiri z’ukwezi kw’indwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG