Uko wahagera

Zimbabwe Irasaba Inkunga yo Gufasha Impunzi


Igihugu ca Zimbabwe kigeramiwe n’ibibazo vy’ubutunzi muri iki gihe cifatanije, uno musi ku wa gatatu, n’amashami y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu gusaba imfashanyo y’imiliyoni cumi n’ibihumbi amajana icenda z’amadolari.

Ayo mahera agenewe impunzi ibihumbi n’ibihumbi ziri mu gihugu. Muri izo harimwo imiryango iriko ihunga uruhagarara n’ubwicanyi mu gihugu kibanyi ca Mozambike. Zimbabwe yakiriye mur’iki gihe impunzi ibihumbi cumi n’indwi.

Impunzi n’abarondera ubuhungiro muri Zimbabwe bava cane cane mu Burundi, Republika iharanira demokarasi ya Congo, Mozambike, U Rwanda no mu karere k’ihembe rya Afurika.

Akamo k’imfashanyo kagenewe kuronsa impunzi uburaro, ibifungurwa n’amazi n’ibindi bintu ngenderwako bikenewe gushika mu mpera z’umwaka w’i 2017.

Mu mwaka uheze, ibitigiri vy’impunzi vyageze ku miliyoni mirongo itandatu na zitanu n’ibihumbi amajana atandatu, ku bwa raporo yahosowe n’ishirahamwe HCR mur’iyi ndwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG