Uko wahagera

Abarenga 100 Barishwe muri Repubulika ya Centrafrika


Ugutana mu mitwe ku musi wa kabiri mu gisagara ca Bria mu gihugu ca Centrafrika kwahitanye abantu bashika ijana. Ivyo vyatangajwe n’umukuru w’ico gisagara.

Haracari umwuka mubi muri ico gisagara. Ukwo gutana mu mitwe kubaye mu gihe imirwi irwanya ubutegetsi 13 ku mirwi 14 iri mu gihugu iteye igikumu ku masezerano i Roma, ku musi wa mbere, ategekanya guhagarika buno nyene ingwano. Ayo masezerano yari ahagarikiwe n’umuhari ikigo c’abakatolika, Sant-Egidio.

Ugutana mu mitwe kwatanguye ku musi wa gatandatu w’indwi iheze mu gisagara ca Bria hagati y’imirwi y’abarwanyi ikorana n’abarwanyi b’abakstristu n’imirwi ikorana n’abarwanyi b’abayislamu.

Inteko z’ishirahamwe ONU ziri mu gisagara ca Bria ku buryo ntabanduka zaragenzuye ico gisagara ijoro ryose kugira zihagarike ubwicanyi.

Ibintu vyari bitekanye uno musi ku wa gatatu mu gisagara ca Bria, yamara umwuka mubi uracahari.

Igisagara ca ca Bria caza cageramiwe n’ugutana mu mitwe hagati y’italiki 15 n’italiki 18 z’ukwezi kwa gatanu, hagati y’imirwi yitwaje ibirwanisho kwahitanye abantu batanu, abandi mirongo ibiri n’icenda barakomereka. Abarenga ibihumbi mirongo ine nabo barava mu zabo.

Ivyo vyatangajwe n’ishirahamwe ONU.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG