Uko wahagera

Amerika Isaba Uburusiya Kuva muri Ukraine


Umuvugizi mu biro vy’Umukuru w’Igihugu ca Amerika, Sean Spicer, yatangaje ko ibihano k’Uburusiya bizogumaho gushika bukuye meza mu gihugu ca Ukraine. Ivyo Spicer yabivuze mu gihe Prezida Petro Poroshenko, wa Ukraine, yari m’urugendo hano muri Amerika, kur’uyu wa kabiri.

Itangazo ryasohowe n’ibiro vy’Umukuru w’Igihugu ca Amerika, rivuga ko abo bategetsi baganiriye ku bijanye no gushigikira umugambi w’amahoro mu matati Ukraine imazemwo imyaka ishika kur’itatu, gushigikira imigambi mishasha ya Prezida Poroshenko, hamwe no kugwanya igiturire.

Mur’urwo rugendo, Prezida Poroshenko ategekanya gusaba ko Amerika ifasha Ukraine m’ukuyiha ibigwanisho, umugambi uwahora aramutswa Amerika, Barack Obama, yari yarahakanye, bivuye ku makenga y’uko vyokwongerereza intambara.

Reta ya Ukraine iri mu matati n’abagwanyi bakorera m’uburaruko bw’ico Gihugu, banse kwitandukanya n’Igihugu c’Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG