Uko wahagera

Umusi Mpuzamahanga Wahariwe Impunzi i Kiziba


Impunzi w'ikambi ya Nyarugusu muri Tanzaniya
Impunzi w'ikambi ya Nyarugusu muri Tanzaniya

Ikambi ya Kiziba iri mukarere ka Karongi mu burengerazuba bw’Urwanda, ibamwo impunzi z’abakongomani kuva mu mwaka 1996 niyo yahimbarijwemwo umusi mpuzamakungu wahariwe impunzi.

Amajambo atandukanye yashikirijwe impuzi zari zitabiriye urwo rubanza ahanini akaba yarafatiye ku mpanuro. Izo mpunzi zikaba zisabwa kwiyungunganya kugira nazo zije mubaharanira iterambere ry’U Rwanda be no kwirinda ivyo vyose bisubiza inyuma urwaruka.

Ivyo birori vyabereye muriyo kambi ya Kiziba, vyari vyitabiriwe nabantu isinzi bagizwe n’ impunzi zisanzwe ziba muriyo kambi n’intumwa zaje ziva muyandi makambi y’impunzi uko ari atandatu ari muri kino gihugu c’U Rwanda.

Serafina Mukantabana arongoye ubushikirangaji bujejwe impunzi yamenyesheje ko kugira impunzi zironke amahoro aruko zisubira iwabo aho naho ibihugu zavuyemwo bitegerzwa gukorwa ibikenewe vyose icatumye izo mpunzi zita ivyazo kikahava.

Uwashikirije ijambo kw’izina ry’impunzi amenyesha ko kubona hari umusi ubitirirwa yizera ko amakungu azonabafasha gutora umuti w’ibibazo vyabo.

Murivyo birori ikambi y’impunzi ya Mahama yari yaserukiwe n’umugwi wa basketball be n’abavuzi b’ingoma. Umwe mururwo rwaruka rw’i Mahama yamenyesheje Radiyo Ijwi rya Amerika ko ari vyiza cane kubahuza nurunganwe.

Uwuserukira Ishirahamwe rijejwe impunzi hano mugihugu c’ U Rwanda Azam Saber yamenyesheje ko kugira impunzi zigabanuke muri kano karere k’ibiyaga binini aruko abatwara ibihugu bokwemera kuvugana nabo batavuga rumwe mugutora amatati ari mubihugu vyabo. Kubwiwe ngo naho atari umu nya politike, amakungu arakwiye kuraba izindi ngingo nshasha yofata kugira agondoze ibihugu biri mu ntambara amahoro iwabo akagaruka abahunze bagashobore gutahuka ataco binona.

Inkuru y'umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Desire Hatungimana:

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:31 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG