Uko wahagera

Ubudagi Bushira Imbere Imitahe muri Afrika


Chanceliere w'Ubudagi, Angela Merkel
Chanceliere w'Ubudagi, Angela Merkel

Chanceliere w’igihugu c’Ubudagi, Angela Merkel, yashikirije umugambi mushasha usaba kwongereza imitahe mu karere ka Afrika nk’uburyo bw’uguhagarika abanyafrika barondera kwimukira i Bulaya. Uwo mugambi wiswe, “Merkel Plan” ushikirijwe imbere yuko Merkel yakira inama y’ibihugu mirongo ibiri bitunze cane kurusha ibindi kw’isi bigize umurwi G20 izoba mu kwezi kuza.

Mur’iyi ndwi, umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubudagi, Gerd Muller yatangaje kw’afise ubwoba kw’impunzi z’abanyafrika imiliyoni ijana zishobora kuza mu gihugu ciwe hamwe ata na kimwe cokorwa.

Kubera izo mvo, Chanceliere w’Ubudagi, Angela Merkel yiyemeje ku vyerekeye gutanga imiliyoni amajana atatu na mirongo itatu na zitanu z’amadolari agenewe gutuma abanyamitahe b’abanyamehanga baza mu karere ka Afrika. Azogerageza kandi kwumvisha abategetsi b’ibindi bihugu cumi n’icenda bazokwitaba inama y’umurwi G20, kwerekana ukwiyemeza kwabo kurushiriza ku vyerekeye gufasha ubutunzi bucumbagira bw’ibihugu vyo muri Afrika.

Ubudagi bahisemwo ibihugu bine vyo muri Afrika buzoshimikirako. Ivyo bihugu ni Cote d’Ivoire, Maroc, Urwanda na Tunisia. Yamara Ubudagi bwaragiraniye kandi ibiganiro n’abandi bategetsi b’ibihugu vyo muri Afrika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG