Uko wahagera

USA: Ivyo Koreya ya Ruguru Yakoreye Otto Warmbier Biteye Isoni


Umunyeshule w'umunyamerika, Otto Warmbier

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yatangaje uno musi ku wa kabiri kw’ukugene Koreya ya ruguru yafashe umunyeshule w’umunyamerika, Otto Warmbier biteye isoni. Yavuze kw’ari ibishoboka kw’atari gupfa iyo abategetsi ba Koreya ya ruguru bamurekurira gutahuka mu gihugu ciwe hakiri kare. Ivyo Perezida Trump yabishikirije abanyamenyeshamakuru mu biro vyiwe, Maison Blanche.

Otto Warmbier yitavye Imana ku musi wa mbere inyuma yuko apfungiwe mu gihugu ca Koreya ya ruguru mu kiringo kirenga umwaka n’igice. Abavyeyi biwe batangaje ko bashima kuba yashoboye gushika ihumira gatoyi imbere yukw’apfa.

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yifatanije mu mubabaro n’umuryango wiwe ku musi wa mbere.

Yamenyesheje kw’ata kintu gishobora kubabaza cane umuvyeyi nk’urupfu rw’umwana wiwe akiri muto mu myaka.

Perezida Trump yavuze ko Reta ya Koreya ya ruguru irangwa n’ubunyamaswa.

Ambasaderi wa Amerika mw’ishirahamwe ONU, Nikki Haley yavuze kw’urupfu rwa Otto Warmbier ruzoguma rwibutsa ubunyamaswa bw’ubuyobozi bwa Koreya ya ruguru.

Warmbier yatahukanywe muri Amerika mu ndwi iheze ari muri coma. Abaganga mu gisagara ciwe c’amavuko ca Cincinnati, muri Reta ya Ohio, batangaje kw’ubwonko bwiwe bwononekaye bikomeye igihe yari muri Koreya ya ruguru, ko yamara icabitumye kitamenyekanye ku buryo bugaragara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG