Uko wahagera

ONU Isaba Itohoza ku Bwicanyi Bwabaye muri Kasai


Inteko zijejwe gucungera susmutekano za ONU muri Republika iharanira demokarasi ya Congo
Inteko zijejwe gucungera susmutekano za ONU muri Republika iharanira demokarasi ya Congo

Zeid Ra’ad al-Hussein, ayoboye ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe agateka ka muntu yasavye itohoza mpuzamakungu ku bwicanyi buherutse kubera mu ntara ya Kasai yo hagati muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Uyu muyobozi muri ONU yagirije reta y’ico gihugu ko yananiwe guhagarika ubwicanyi. Zeid Ra’ad al-Hussein yabwiye iryo shami rya ONU uno musi ku wa kabiri kw’abanyagihugu amajana n’amajana bishwe barashwe, batemaguwe canke baraturirwa gushika bapfe, abandi baracibwa ibihimba vy’umubiri mu kiringo c’amezi abiri arangiye.

Zeid Ra’ad al-Hussein avuga ko hari n’igihe abagira ubwo bwicanyi batumwe n’abari mu nzego z’igisirikare n’igipolisi z’igihugu.

Vyitezwe kw’abagiz’ishami rya ONU rijejwe agateka ka muntu batora muri iyi ndwi ku mugambi ugenewe kurekurira itohoza mpuzamakungu ku bwicanyi bubera mu ntara ya Kasai yo hagati, harimwo n’iyicwa ry’bahinga babiri b’ishirahamwe ONU ryabaye mu ntango z’uyu mwaka.

Umushikiranganji ajejwe ubutungane muri Kongo, Alexis Thambwe Mwamba yariyamirije akamo katewe kuko haba itohoza mpuzamakungu. Yatangaje ko batokwemera kw’itohoza nkiryo riba ritarimwo abategetsi ba Reta ya Kongo

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG