Uko wahagera

Cuba Kiriyamiriza Ijambo rya Prezida Trump


Bruno Rodriguez, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Cuba n'ayandi makungu
Bruno Rodriguez, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Cuba n'ayandi makungu

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Cuba n’ayandi makungu, Bruno Rodriguez, yaneguye ijambo ryavuzwe na Prezida Donald Trump wa Amerika, m’ukuvuga ko rityoza igihugu ca Cuba. Kubwa Rodriguez ngw’ivyo bizokomeza nyabuna imigambi yo guhindura ibintu aho muri Cuba. Rodriguez yatangaje ko Cuba itazotirigana k’ukwikukira n’ubwigenge bwayo.

Ivyavuzwe n’uwo mushikiranganji vyaje nk’inyishu y’ijambo ryashikirijwe na Prezida Trump, k’umunsi wa gatanu, mu gisagara ca Miami, muri Reta ya Californie, isanzwe ibamwo abimukira benshi baturuka muri Cuba.

Mur’iryo jambo, Prezida Trump yasezeranye ko azokuraho amasezerano ari hagati ya Amerika na Cuba, avuga ko ahengamiye k’uruhande rwa Cuba rwonyene. Prezida Trump yavuze kandi ko mu migambi yiwe harimwo guhagarika amasezerano y’amafaranga atangwa na Amerika ku mashirahamwe akorana n’igisirikare ca Cuba, harimwo no gukaza amategeko ku banyamerika bose bagendera amazinga ya Caraibe.

Prezida Trump yasavye ko Cuba yorungika abantu bose bariko bararonderwa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yamara Bruno Rodriguez yatangaje ko abo bantu batazorungikwa muri Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG