Uko wahagera

Siriya: Amerika Ntizohagarika Kugwanira Inyungu Zayo


Abategetsi mu gisirikare ca Amerika
Abategetsi mu gisirikare ca Amerika

Reta Zunze Ubumwe za Amerika yasubije n’inguvu nyinshi ivyashikirijwe n’Uburusiya ku bijanye n’ibitero vy’indege vyakozwe na Amerika muri Siriya.

Sean Spicer, umuvugizi mu biro vy’Umukuru w’Igihugu ca Amerika yabwiye abamenyeshamakuru, kur’uyu wa mbere ko Amerika izokora ibishoboka vyose kugira ikingire inyungu zayo.

Spicer yavuze ko Amerika yikingiye m’ukurasa indege ya Siriya, kandi ko Reta ya Siriya itegerezwa kumenya ko Amerika ifise uburenganzira bwo kwikingira. Ni mu gihe icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburusiya n’ayandi makungu, Sergei Raybkov, yatangaje ko ivyo bitero ar’agasotoro.

Mu gitondo co kur’uyu wa mbere, Jenerali Joseph Dunford, umukuru w’abasirikare ba Amerika, mu bisata bitandukanye, yatangaje ko abategetsi bariko baragerageza gusanura itumatumanako ry’amakuru kugira barinde impanuka zishobora guhitana abantu.

Jenerali Dunford avuga ko ivyo vyafashije muri kahise. Yamara igisirikare c’Uburusiya kivuga ko igitero cabaye k’umunsi w’Imana, ata guhanahana amakuru vyabaye, kugira barinde impanuka mu karere k’indege za Siriya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG