Uko wahagera

Umugambwe wa Perezida Macron Uziganza mu Nteko


Umugambwe wa perezida w’igihugu c’Ubufransa, Emmanuel Macron n’umugambwe bicuditse izoronka ibibanza vyinshi cane mu nama nshingamateka. Ivyo inyuma yuko iyo migambwe itsindiye ibirenga ibice mirongo itandatu kw’ijana y’ibibanza mu ncuro ya kabiri y’amatora y’abashingamateka yabaye ku musi w’Imana.

Umugambwe wa Macron, La Republique en Marche watsindiye ibibanza 308 mu gihe umugamzbwe bicuditse, Modem watsindiye ibibanza 42 ku bibanza 577 mu nama nshingamateka.

Ivyo bizotuma Perezida Macron, amaze ukwezi kumwe mu mabanga y’umukuru w’igihugu, ashsira mu ngiro imigambi yiwe.

Umugambwe w’abasosiyaliste, wa Francois Hollande yahoze ari perezida, watsindiye ibibanza 29, mu gihe umugambwe w’Abarepublika waronse ibibanza 131.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG