Uko wahagera

Indege y’ingwano ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yarashe kur’uyu w’Imana indege ya Siriya, inyuma y’aho iyo ndege ikoreye igitero ku bagwanyi basanzwe bafashwa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bari mu gikorwa co kugwanya umuhari wa Reta Kisilamu.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika bwatangaje ko iyo ndege ya Siriya yakoze igitero ku kirindiro c’abagwanyi bari hafi y’igisagara ca Tabqah. Ubwo bushikiranganji buvuga ko iyo ndege yaciye iraswa.

Nta catangajwe ku bijanye n’abaguye mur’ico gitero.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika bwatangaje ko abagwanyi bufasha batariko bagwanya Reta ya Siriya, canke ya Iraki, yamara ko bari mu gikorwa co gutuza umuhari wa Reta ya Kisilamu, kandi ko batazohesha kwivuna ku gitero kije kibagana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG