Uko wahagera

Amatora y'Abashingamateka m'Ubufaransa


Inama y'Abashingamateka m'Ubufaransa
Inama y'Abashingamateka m'Ubufaransa

M’Ubufaransa, amatora y’abashingamateka yaraye abaye kur’uyu w’Imana yatahukanyemwo intsinzi y’umugambwe w’Umukuru w’Igihugu Emmanuel Macron. Mur’ayo matora umugambwe wa Macron, uri kumwe n’imigambwe bacuditse utegekanya gutahukana intebe ziri hagati y'amajana atatu na mirongo itanu na zitanu n’amajana ane na mirongo ibiri na zitanu, ku ntebe amajana atanu na mirongo indwi n'indwi zigize inama nshingamateka.

Ivyo bizoha akaryo Prezida Macron ko gushira mu ngiro imigambi yiwe, ijanye n’amategeko mashasha y’akazi, hamwe n’uburyo bushasha bwo gutunganya ubuzima bw’abanyagihugu.

Umugambwe Front National, wari waserukiwe na Marine Le Pen mu matora aheruka y'Umukuru w'Igihugu, ushobora gutahukana intebe cumi mu nama nshingamateka, harimwo intebe yiwe. Ivyo bikazotuma umugambwe Front National utoroherwa m’uguharanira ivyiyumviro vyawo mur’urwo rwego.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG