Uko wahagera

Prezida Poutine Aranegura Ibihano vya Amerika k'Uburusiya


Prezida Vladimir Poutine w'Uburusiya
Prezida Vladimir Poutine w'Uburusiya

Prezida Vladimir Poutine w’Uburusiya yatangaje ko atashimishijwe n’ibihano bishasha vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ku gihugu ciwe, yamara ko hakiri kare kugira avuge ko ar’ingingo z’agahotoro. Prezida Poutine avuga ko ivyo bitazokworohereza imigenderanire y’Uburusiya na Amerika, ahubwo ko bizoyunyura.

Abakenguzamateka ba Amerika baratoye ku bwinshi, mur’iyi ndwi, kugira ibihano ku gihugu c’Uburusiya vyongererezwe, ku bijanye n’uruhara rw’Uburusiya mu matora y’Umukuru w’Igihugu, yabaye m’umwaka uheze.

Ivyo bihano vyafatiwe abarusiya baregwa kuba barahohoteye agateka ka zina muntu, m’ugutanga ibigwanisho muri Reta ya Siriya, bagakora amanyanga bakoresheje ubuhinga bwa none, hamwe n’uko bakoranye n’abajejwe iperereza n’abasirikare b’Uburusiya.

Ibohano vyasabiwe abo barusiya bitegerezwa kubanza kwemerwa n’inama nshingamateka, bikongera bigaterwako igikumu na Prezida Donald Trump. Prezida Poutine avuga ko ari naco gituma arindiriye kubanza kuraba uburyo izo nzego zivyifatamwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG