Uko wahagera

Inkino z’igikombe c’imirwi nserukiragihugu y’umupira w’amaguru yabaye iya mbere ku migabane itandukanye yo kw’isi ivamwo, cama kiba umwaka umwe imbere y’igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru mu gihugu kiba gitegekanijwe kwakira ico gikombe, zizotangura mu gihugu c’Uburusiya ejo ku musi wa gatandatu.

Ibihugu bizohiganwa amuri ico gikombe n’Ubudagi, Chili, Kameruni, Australia, Mexique, Nouvelle Zelande, Portugal n’Uburusiya.

Urukino rw’ukwugurura ico gikombe ruzoba ejo ku musi wa gatandatu hagati y’Uburusiya buzokwakira ico gikombe na Nouvelle Zelande.

Mu nkino zizoba ku musi w’Imana, Portugal iuzohura na Mexique mu gihe Cameroun izokina na Chili.

Igikombe c’imirwi nserukiragihugu yabaye iya mbere mu turere dutandukanye two kw’isi ivamwo kizorangira kw’italiki zibiri z’ukwezi kw’indwi kw’uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG