Uko wahagera

Abasivile 4 Bahitanywe na Bombe muri Kenya


3 Police Officers killed in Kenya

Abasivile bane bipfuye, abanbdi batari bake baraksomereka igihe bisi yari ibatwaye yaseka, uno musi ku wa gatanu bombe yari yatezwe kw’ibarabara mu buraruko bw’digihugu ca Kenya. Akao karere karageramiwe n’ibitero bigirwa n’abarwanyi b’umurwi al-Shabab.

Umutegetsi mukuru ajejwe umutekano mu karere ko mu buraruko bushira ubuseruko, Mohamed Saleh yatangaje kw’iryo barabara ryari ryaziririjwe gukoreshwa ku mvo z’umutekano.

Umurwi al-Shabab ntiwiyitiriye buno nyene ico gitgero. Yamara akarere ko mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kenya karaberamwo ibitero bitari bike vy’amabombe aterwa ku mabarabara, umurwi al-Shabab kenshi wiyitirira.

Ibitero nkivyo vyahitanye abantu mirongo itatu mu ndwi zirangiye, cane cane abapolisi n’abakozi b’amashirahamwe y’abagiraneza akorera mw’ikambi nini cane y’impunzi ya Dadaab.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG