Uko wahagera

RDC: Kofi Annan Asaba Itunganwa ry'amatora muri 2017


Kofi Annan, yahoze ar'umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU arikumwe na Joseph Kabila arongoye Kongo Kinshasa
Kofi Annan, yahoze ar'umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU arikumwe na Joseph Kabila arongoye Kongo Kinshasa

Kofi Annan yahoze ar’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, we n’abandi bahoze ar’abakuru b’ibihugu 9 vy’Afrika bateye akamo Perezida Joseph Kabila wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo gutunganya amatora y’umukuru w’igihugu mur'uyu mwaka wa 2017 kugira igihugu gitekane.

Ako kamo katewe kandi na reta yiwe, abatavuga rumwe nawe, abanyagihugu hamwe n’amakungu asanzwe ariko arafasha ico gihugu kwogorora.

Babivuze bisunze amasezerano y’amahoro yumvikanyweko n’abafise uruhara mubibera mur’ico gihugu yar’ar’ahagarariwe n’abepiskopi katolika muri Kongo, yatumye ayo matora yunguruzwa mu mpera z’uyu mwaka wa 2017 ata maraso asesetse.

Barashima ayo masezerano yatumye igihugu kitagwa mu manga inyuma y’aho ikiringo c’amatora cari gitegekanijwe n’ibwirizwa shingiro mu mpera z’umwaka wa 2016 kirenganiye.

Ariko bafise amakenga ko ishirwa mu ngiro ryayo ririko rirahura n’imbogamizi ku buryo bafise impungenge nimba vy’ukuri no mu mpera z’uyu mwaka ayo matora koko ashobora kuzoba.

Uretse Kofi Annan, abandi bashize igikumu kur’urwo rwandiko n’uwahoze arongoye Benin, Thomas Boni Yayi, Uwahoze arongoye Ghana, John Kufuor, Thabo Mbeki yigeze kurongora Afrika y’Epfo, Benjamin Mkapa yigeze kuba arongoye Tanzaniya.

Abandi n’uwahoze arongoye Botswana, Festus Mogae, Olusegun Obasandjo yahoze aramutswa Nijeriya, Pedro Pires wa Cape vert hamwe na Cassan Uteem yigeze kuba ar’umukuru w’igihugu ca ile Maurice.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG