Uko wahagera

Perezida Trump Ahakana Kubangamira Ubutungane


Perezida Donald Trump
Perezida Donald Trump

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump ariko yifatira mu gahanga amakuru avuga kw’umushikirizamanza ariko atohoza ukwivanga kw’Uburusiya mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye mu mwaka uheze ariko atohoza muri iki gihe nimba Trump yaragerageje kuyovya ubutungane kuri iyo dosiye.

Mu butumwa yashize ku rubuga Twitter, uno musi ku wa kane, Perezida Trump avuga kw’abantu b’umutima mubi ata kintu batoye cerekana ko yakoranye n’Uburusiya, kw’ata cemezo na kimwe kihari.

Atangaza ko kuvuga kw’ariko ayovya ubutungane bitagira ishingiro. Amenyeshwa kw’ariko atotezwa n’abantu barangwa n’umutima mubi.

Ivyo Perezida Trump yabitangaje inyuma y’amakuru atari make yashikirijwe ku musi wa gatatu yuko umushikirizamanza adasanzwe, Robert Mueller afise imigambi y’ukubaza ibibazo abategetsi bajejwe umutekano kw’isi ku vyatangajwe na Trump ku bijanye n’uwahoze ar’umuhanuzi wiwe ku bijanye n’umutekano, Michael Flynn.

Perezida Trump avurwa ko yarondeye ihagarikwa ry’itohoza ku mibonano Flynn yagiranye na ambasaderi w’Uburusiya i Washington.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG