Uko wahagera

Somaliya: Abashika 16 Bishwe na al Shabab i Mogadishu


Igisasu caturitse i Mogadishu hafi y'inzu y'Uburiro
Igisasu caturitse i Mogadishu hafi y'inzu y'Uburiro

Abantu bashika cumi na batandatu barishwe abandi 26 barakomereka mu gitero catangujwe n’abarwanyi ba al shabab baturikije imodoka yar’itezwemwo bombe kur’uyu wa gatatu hafi y’inzu y’uburiro I Mogadiscio k’umurwa mukuru wa Somaliya, nkuko vyashikirijwe n’abajejwe umutekano mur’ico gihugu.

Abo barwanyi baciye binjira mur’iyo nzu y’uburiro bagira imbohe abari muri yo. Mu nyuma babiri mur’abo barwanyi barashwe baricwa n’abajejwe umutekano, amakuru yanyuma yavuga ko abantu cumi bamaze kuvanwa mu vyara vy’abo barwanyi, ariko ko batanu mur’abo barwanyi boba bakiri mur’iyo nzu.

Umuhari w’iterabwoba w’abayisilamu ba Al shabab wegamiye umuhari Al-Qaïda, ntiwatevye kwemanga ko ariwo wabikoze, nkuko ariwo wama wagize uruhara mu bindi bitero nk’ivyo mur’ico gihugu.

Ivyo bitero bibaye mugihe abayisilamu bari m'ukwezi kweranda kwa Ramadhan. Igitero co kur’uyu wa gatatu cabaye inyuma y’amasaha yo kwisonzesha, mu gihe imisigiti hamwe n’amazu y’uburiro vyari vyuzuye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG