Uko wahagera

Umunyamerika Yabohowe muri Koreya ya Ruguru ari muri Koma


North Korea Detained American

Umunyeshure w’umunyamerika yar’amaze amezi 17 afungiwe muri Koreya ya ruguru aridegemvya gushik'ubu ariko abavyeyi biwe bavuga ko yamaze umwaka urenga aho yar’afungiwe ari muri Koma yarataye ubwenge.

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe z’Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu, Rex Tillerson, ejo kuwa kabiri yaremeje ayo makuru ko Otto Warmbier, w’imyaka 22 y’amavuko yidegemvya.

Ariko abategetsi bo mur’ubwo bushikiranganji baranse kugira ico bashikirije kubijanye n’amagara yiwe ku mvo z’akazi kabo.

Abavyeyi biwe bo bavuga ko yarekuwe ar’uko bigaragaye ko ashobora gupfira muri Koreya ya ruguru, bakavuga ko umuhungu wabo yahawe imiti isinziriza agifatwa kandi ko kuva ico gihe atasubiye kuvyuka.

Mwomenya ko Koreya ya ruguru yari yaciriye uwo munyeshure igifungo c’imyaka 15 imwagiriza ko yagomvye kwiba igicapo gishinze kw’ibarabara camamaza intwaro y’ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG