Uko wahagera

Ronaldo Akurikiranwa n'Ubutungane


Umukinyi w’umupira w’amaguru, Cristiano Ronaldo aronswa igikombe c'umukinyi yarushije abandi m'umwaka wa 2016.
Umukinyi w’umupira w’amaguru, Cristiano Ronaldo aronswa igikombe c'umukinyi yarushije abandi m'umwaka wa 2016.

Umukinyi rurangiranwa m’urukino rw’umupira w’amaguru, Cristiano Ronaldo ariko akurikiranwa n’ubutungane bwo muri Espanye bumwagiriza ko atarishe amatagisi ku mafaranga yinjiza.

Ubucamanza bwo mur’ico gihugu bwagiriza uwo mukinyi yamuka muri Portugal, asanzwe akinira umurwi wa Real Madrid kuba atarishe amatagisi angana n’imiliyoni 16 z’amadolari y’Abanyamerika kuva mu myaka ya 2011 gushika 2014.

Abategetsi bavuga ko yakoresheje amayeri m’ukwihisha inyuma y’ikompanyi itemewe n’amategeko m’ukunyegeza abatozakori umushahara wiwe wose.

Ariko Ronaldo we avuga ko ata na rimwe yigeze aca kubiri n’amategeko akavuga ko ivyo vyagiriji ataho bifatiye.

Mwomenya ko Ronaldo m’umwaka uheze yinjije amafaranga angana imiliyoni 93 z’amadolari y’abanyamerika, akaba gushik’ubu ari we mukinyi wa mbere ahembwa amahera menshi kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG