Uko wahagera

NBA: Golden State Warriors Yatahukanye Igikombe c'Ihiganwa


Umurwi Warriors wa Basketball, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika

Golden State Warriors yatahukanye igikombe c’ihiganwa rya NBA Basketball, umwaka w'Ibihumbi bibiri na cumi n'indwi, hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

M’urukino rwa gatanu rwahuje umurwi Golden State Warriors na Cleveland Cavalier, rwabereye ku kibuga ca Warriors, rwaheze ku manota ijana na mirongo ibiri n'icenda ya Warriors Kw’ijana na mirongo ibiri ya Cavalier.

Umukinyi Kevin Durant niwe yatowe mu kibanza c’umukinyi yigenjeje neza mur’iryo higanwa, uwo bita Finals MVP.

Warriors irangije ihiganwa rya Playoffs itsinze inkino zine k’urukino rumwe Cavalier yaheruka gutsindira iwabo, mu ndwi iheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG