Uko wahagera

Umunyepolitike Atavuga Rumwe Na Reta Mu Burusiya Yafashwe


Abari mu myiyerekano batari bake batabwa mu mvuto mu Burusiya

Igipolisi mu gihugu c’Uburusiya cataye mu mvuto umunyepolitike atavuga rumwe na Reta, Alexei Navalny n’abandi bantu batari bake bamushigikiye mu bice bitandukanye vyo mu gihugu. Yari yategekanije imyiyerekano y’ukwiyamiriza ivyo avugako ari ruswa iranga Perezida Vladimir Putin n’abo bakorana.

Alexei Navally umunyepolitike utavuga rumwe na Reta
Alexei Navally umunyepolitike utavuga rumwe na Reta

Navalny, yarekanye iciyumviro ciwe c’uguhiganwa na Perezida Putin mu matora y’umukuru w’igihugu mu mwaka uza, yapfungiwe hanze y’i muhira iwe ku murwa mukuru, Moscou gatoyi inyuma yuko imyiyerekano ibaye mu mabarabara mu bisagara vya Moscou, St. Petersburg no mu bindi bisagara bitandukanye vyo mu gihugu.

Igipolisi ku murwa mukuru, Moscou cakoresheje amazi y’ipiripiri ku bari mu myiyerekano.

Abamenyeshamakuru biboneye abari mu myiyerekano batari bake batabwa mu mvuto.

Rimwe mu mashirahamwe akwirikirana imyiyerekano ritegamiye Reta rimenyesha kw’abantu bagera kw’ijana na mirongo ibiri bahagaritswe ku murwa mukuru, Moscou, mu gihe abandi barenga ijana na mirongo itatu bahagaristswe mu gisagara ca St. Petersburg.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG