Uko wahagera

Somaliya: Igisirikare Cihoye Abarwanyi ba al-Shabab


Abarwanyi ba al-Shabab, mu gisagara ca Mogadishu, muri Somaliya.
Abarwanyi ba al-Shabab, mu gisagara ca Mogadishu, muri Somaliya.

Igisirikare ca Somaliya, hamwe n’ica Reta Zunze Ubumwe za Amerika, vyatangaje ko vyakoze igitero ku kirindiro c’abarwanyi ba al-Shabab, mu ntara ya Jubba, iri hagati muri Somaliya.

Prezida Mohamed Abdullahi Farmajo, wa Somaliya, yatangaje kur’uyu w’Imana ko ari we yahaye uburenganzira abo basirikare kugira batere ico kirindiro, aho abo barwanyi basanzwe bakorera imyimenyerezo yabo.

Prezida Farmajo amenyesha ko ugusamburwa kw’ico kirindiro kuzobangamira inguvu z’ibitero vy’abo barwanyi.

Igisirikare ca Amerika kiremeza ko cakoranye n’ica Somaliya mur’ico gitero, mu ntumbero yo kwishura ibitero bimaze iminsi bikorwa n’uwo muhari. Bivugwa ko abarwanyi umunani ba al-Shabab aribo baguye mur’ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG