Uko wahagera

Abimukira Bashika 8 Barapfuye ku Nkengera za Libiya


Abatabazi batabara abimukira mw'ibahari meditarane ku birometero 56 m'uburaruko bwa Sabrata, muri Libiya

Abimukira bashika umunani barapfuye abandi batari bake baraburwa irengero inyuma y’aho ubwato barimwo bwibiriye ku nkengera za Libiya bariko bageregeza kuja k’umugabane wa Buraya baciye mw’ibahari nkuko vyashikirijwe kur’uyu wa gatandatu n’abasirikare ba Libiya bacungera inkengera z’ibahari.

Ivyo biziga umunani biri mu bandi bashika 130 bari mur’ubwo bwato, bavugwa yuko nabo nyene boba barapfuye canke kumbure barashoboye kwoga bagashika ku nkengera.

Umuvugizi w’igisirikare ca Libiya gikorera mu mazi, Jenerali Ayoub Kacem, yatangaje kandi ko ikizura cagize ku nkengera z’igisagara ca Zawia, kiri ku bilometero 45 m’uburengero bwa Tripoli k’umurwa mukuru bafashe ubundi ubwato bwarimwo abimukira 570 bariko bagerageza kuja Ibulaya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG