Uko wahagera

Hichilema Yimuriwe muri Gereza Icungerewe Cane muri Zambiya


Umuyobozi w’umugambwe utavuga rumwe na Reta y’igihugu ca Zambiya, United Party for National Development, Hakainde Hichilema yimuriwe mw’ibohero ricungewe cane riri hagati mu gihugu.

Ivyo vyatangajwe n’ikibanza ciwe ku rubuga Facebook uno musi ku wa gatanu. Urwandiko kur’urwo rubuga, ruremeza ko Hichilema yimuriwe mw’ibohero ricungewe cane rya Mukobeko mu ntara ya Kabwe riri hagati mu gihugu.

Umushingwamanza wiwe, Jack Mwisimbu avuga ko Hichilema yasohowe ku nguvu mw’ibohero ryo ku murwa mukuru, Lusaka. Amenyesha kw’ivyo biciye kubiri n’amategeko.

Hakainde Hichilema, w'imyaka 55, mur’iki gihe, yari yahagaritswe mu ntango z’ukwezi kwa kane. Yagirizwa ko yazibiye imodoka zari ziherekeje umukuru w’igihugu, badacana uwaka, Edgar Lungu.

Ategerezwa gucirwa uurubanza na sentare kw’italiki itaramemenyekana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG