Uko wahagera

Turukiya Izorungika Inteko 3.000 muri Qatar


Abasirikare ba Turukiya mu myimenyerezo ya gisirikare
Abasirikare ba Turukiya mu myimenyerezo ya gisirikare

Ingingo Igihugu ca Turukiya cafashe yo kurungika inteko zaco zishika ku bihumbi bitatu mu gihugu ca Qatar izotuma imigenderanire hagati y’ivyo bihugu ikomera, yamara ikazobangamira uruhara Turukiya yogize mu gusubiza hamwe Qatar n’ibihugu vy’abarabu, bimaze iminsi bifashe ingingo yo guhagarika imigenderanire n’ico gihugu.

Ivyo bihugu ukw’ari bibiri bitera vyinubwa n’ibindi bihugu, bivuye ko Turukiya iheruka guha ububasha burenze Prezida Reccep Tayyip Erdogan. Ni mu gihe Qatar nayo iregwa ko ifasha imirwi y’iterabwoba, m’ukuyiha amafaranga, hamwe no gukorana n’Igihugu ca Irani, gisanzwe kidacana uwaka na Arabiya Sawudite. Igihugu ca Qatar kirahakana ivyo birego.

Prezida Erdogan amenyesha ko yagerageje gusubiza hamwe ibihugu vy’abarabu inyuma y’aho bifatiye ingingo yo kuvavanura na Qatar.

Kur’uyu wa gatatu, Prezida Erdogan akaba yaciye atumako inama idasanzwe y’abashingamateka mu ntumbero yo gutanga uruhusha rwo kurungika inteko ibihumbi bitatu muri Qatar. Prezida Erdogan avuga ko ivyo bihugu ukw’ari bibiri bisangiye ingorane z’umutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG