Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Yakoze Ibitero Vyinshi vya Misile


Ahariko habera ibitero vya misile balistike, muri Koreya ya Ruguru
Ahariko habera ibitero vya misile balistike, muri Koreya ya Ruguru

Koreya ya Ruguru yakoze ibitero bishasha vya misile, kur’uyu wa kane. Ivyo bitero vyatangajwe ko vyari vyinshi, vyabaye King Jong Un aramutswa Koreya ya Ruguru ariko ararorera, bikaba vyatewe m’ubuseruko bw’ibahari rya Koreya, aho vyagiye bigana ibikoresho bari babiteze.

Iri ribaye irigira kane Koreya ya Ruguru ikora ivyo bitero, mu kiringo kitarenze ukwezi. Ni mu gihe kandi mu ndwi iheze, Inama y’umutekano ya ONU yasohoreye ibihano Reta irongowe na Kim. Ibitero bitatu Koreya ya Ruguru yaheruka gukora bikaba vyar’ibifise intumbero yo gushikira Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Heather Nauert, umuvugizi wa Dapartema ya Amerika yatangaje, kur’uyu wa kane, ko bigoye kubandanya ibiganiro na Koreya ya Ruguru, ku bijanye n’ivyo bigwanisho, bivuye kur’ivyo bitero bishasha yakoze kur’uyu wa kane.

Prezida Donald Trump wa Amerika asaba Igihugu c’Ubushinwa gukoresha imigenderanire gifitaniye na Koreya ya Ruguru, kugira ihagarike ivyo bitero vya misile.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG