Uko wahagera

Impanuka ya Bisi muri Zimbabwe Yishe Abantu 43


Bisi yuzuye abantu n'imizigo smuri Zimbabwe

Abantu 43 bapfuye mu mpanuka ya bisi mu buraruko bw’igihugu ca Zimbabwe. Umudereva w’iyo bisi yananiwe kuyitumbereza ica iseka igiti. Ivyo vyatangajwe ku musi wa kane n’igipolisi ca Reta ya Zimbabwe.

Iyo bisi yariko itera ija mu gihugu ca Zambiya igihe yata ibarabara mw’ikorosi ku mugoroba wo ku musi wa gatatu.

Iyo mpanuka yabereye mu karere ka Nyamakate, hafi y’urubibe na Zambiya.

Abantu batari bake bagira urugendo n’abadandaza barakoresha kenshi amabisi mu kuva mu gihugu kimwe baja mu kindi.

Impanuka z’imodoka zirakunda kuba muri Zimbabwe, bifatiye cane cane ku mabarabara ameze nabi n’imodoka zifise ibibazo.

Mu mwaka uheze, abantu mirongo itatu barapfuye igihe bisi zibiri zariko zigira uruja n’uruza hagati y’ibisagara vya Harare na Bulawayo zasekana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG