Uko wahagera

RDC yihojeje Igabisha rya ONU


Imyiyerekano i Kinshasa mu kwezi kw'icenda mu mwaka w'i 2016

Abategetsi ba Republika iharanira Demokarasi ya Congo bihojeje igabisha ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryekeye gutanguza itohoza mpuzamakungu ku bwicanyi n’uruhagarara mu ntara ya Kasai iri hagati mu gihugu.

Ubwicanyi n’uruhagarara mur’iyo ntara bimaze guhitana abantu barenga amajana ane, abandi bagera ku muliyoni n’ibihumbi amajana atatu baramaze kuva mu zabo. Ivyo n’ibiharuro vyashikirijwe na ONU.

Umutegetsi mukuru w’ishami rya ONU rijejwe agateka ka muntu, Zeid Ra’ad Al Hussein yari yagabishije ku musi wa kabiri ko ahaye imisi ibiri abategetsi ba Congo kugira berekane ugushaka kwabo ku vyerekeye gutohoza ubwicanyi muri Kasai canke habe itohoza mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG