Uko wahagera

James Comey Yatangaje ko Trump Yamusabye Kumuyoboka


James Comey yirukanye mu mabanga y’ukuyobora ibiro vya Amerika bijejwe gutohoza ivyaha, FBI, yabwiye abashingamateka uno musi ku wa kane ko Perezida, Donald Trump yari yiteze ko yemera kumuyobokera. Amenyesha ko yamusavye guheba itohoza ku migenderanire hagati y’abafashe biwe n’abategetsi b’igihugu c’Uburusiya.

Perezida Trump yirukanye Comey mu kwezi guheze, mu kuvuga ko yariko yirumvira ivyerekeye Uburusiya igihe yafata ingingo y’ukumwirukana mu mabanga y’ukuyobora ibiro FBI, ariko ayobora itohoza ku Burusiya.

Comey yabwiye, uno musi ku wa kane, umurwi ujejwe iperereza w’inama nkenguzamateka kw’atategeye neza insiguro zitandukanye zatanzwe na Perezida Trump n’abafasha biwe kw’iyirukanwa ryiwe. Yamenyesheje ko bahisemwo kumwambika ibara ku bijyanye n’ukugene yavyifashemwo igihe yari ajejwe amabaga y’ukuyobora ibiro FBI. Avuga ko bavuze, mu bitar’ukuri ku bwiwe, kw’ibiro FBI vyariko bikora nabi cane.

Yatangaje kw’ata nkeka kw’inzego zijejwe iperereza zibona kw’Uburusiya bwivanze mu matora ya perezida yo mu mwaka uheze muri Amerika mu ntumbero y’ugufasha Trump gutsinda uwo bahiganwa, Hillary Clinton

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG