Uko wahagera

Warriors Yongeye Amahirwe yo Gutahukana Igikombe


Urukino rwa Golden State Warriors na Clevaland
Urukino rwa Golden State Warriors na Clevaland

Umurwi Golden State Warriors watahukanye intsinzi m'urukino rwa gatatu rw'igice ca nyuma c'inkino za Basket, Play off, ziriko zibera hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Urwo rukino rwaheze Warriors ifise amanota ijana na cumi n'umunani, kw'ijana na cumi n'atatu ya Clevaland, bisanzwe biriko birahiganwa.

Mu gihe Warriors yotsinda urukino rukurikira, izo nkino zizoba zirangiye, Warriors ibone gutahukana igikombe. Ni mu gihe hasigaye inkino zine kugira igice ca nyuma kirangire.

Naho amahirwe ya Clevaland yo gutahukana igikombe ca Basket uyu mwaka atera agabanuka, abakunzi ba Basket bavuga ko atawoshira agati mu ryinyo ngo vyaheze, bivuye ko umurwi wa Claveland ushobora kwivyukiranya, nk'uko wabikoze m'umwaka uheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG